Ni Gute Twofasha

Ama seruvisi yo gufasha abantu kuvy’amategeko i Vermont (ukuyemwo amabi canke ubwicanyi) aratanga ubufasha kubafise uburyo buke basanzwe baba i Vermont. Ama seruvisi yacu ni ayagusa.

Ikigo gitanga ubufasha muvy’amategeko kirasuzuma abemerewe gufashwa. Nimba dushobora gufasha ku kibazo c’amategeko, turaheza tukakurungika kubasanzwe batuburanira hamwe n’aba avoka canke tukakurungika kuba avoka bo mu kigo kidaharanira inyungu gifasha abakene mu kubaronsa ababuranira citwa Vermont Legal Aid. Turashobora no kukurungika muzindi gahunda.

Duhamagare turabe nimba twoshobora kugufasha. Turashobora no kuguha impanuro. Turashobora no kukurangira aho wokura amakuru yogufasha kwiserukira wenyene mu rukiko.

Ntidushobora gufasha uwariwe wese akeneye imfashanyo. Dushobora kutagufasha twisunze amahera winjiza. Ntidufise aba avoka bakwiye kugira bakwire uwariwe wese adusavye ubufasha.

Ukwo mwotuvugisha

Hamagara 1-800-889-2047 hama usige ubutumwa, canke ukoreshe uyu muhora Legal Help Request Form (Ifishe yo kwuzuza uwukeneye ubufasha bw’ivy’amategeko.)

Nimba utavuga icongereza, saba uwugusobanurira. Turaguha uwugusobanurira kwa gusa.

Ibiro vyacu vyugurura kuva Kuwa mbere gushika Kuwa gatanu kuva 8:30 z’igitondo gushika 4:00 z’umugoroba.

Twaronse abasaba ubufasha benshi. Nturindire gushika ku munota wanyuma kugira uduhamagare ku kintu cihuta!

Ntiwibagire kutubwira inimero zawe za terefone hama utubwire umwanya mwiza wo kuguhamagarirako. Ugume usuzuma ko dusubira kuguhamagara. Iba ari inimero ya terefone 802 yoshobora kukubera nshansha!

Ukwo dukora

Turakubazaibibazo bike kugira tumenye nimba urekuriwe kuvugana n’umwe mu banyamategeko bacu. Ivyo tuvyita “inzira yo kwemererwa”.

Nk’akarorero, turakubaza ivyerekeye:

  • Amakuru akuranga nk’aho uba, inimero za terefone, imyaka yawe, nimbawubatse, hamwe n’igitigiri c’abantu mubana
  • ubwoko bw’ikibazo canke ingorane uduhamagariye
  • amahera winjiza hamwe n’ivyo ufise kugira dusuzume nimba twogufasha


Amakuru yose utubwira arakingiwe. Ntibizokwerekanwa ata ruhusha ubanje gutanga.

Abakozi bacu bazohitamwo urugero ukwiye gufashwamwo.

Bivanye n’ukwo ivyawe bimeze kandi nimba ukwiriye gufashwa, ushobora kuronka:

  • ubufasha muvy’amategeko kuri terefone
  • amakuru kuri e-mail canke ku butumwa bwo kurungika
  • ubushakashatsi buke muvy’amategeko
  • kukurungika kumunyamategeko canke umu avoka agufasha
  • kukurangira ikindi kigo, canke
  • kukurangira umunyamategeko yigenga

Menya neza: Ntidushobora kugufasha ku kintu co kutubahiriza amategeko yo mwibarabara. Ntidushobora kugufasha kenshi muvyerekeye ibikomere vyawe canke kuvunika hamwe n’ amategeko y’ubutunzi bw’ibintu. Ntitunashobora kukuvugira mu gihe ari ikirego co guhohotera ikiremwa muntu. (Ariko, turashobora kugufasha mu gihe ukeneye ubufasha bw’uwukuburanira mu gihe ari wewe wakorewe amabi canke ihohoterwa.)

Seruvisi ishinzwe amategeko ni iki?

Ibigo Vermont Legal Aid, Legal Services Vermont, hamwe n’izindi shirahamwe zitanga ubufasha bw’ivy’amategeko birarajwe ishinga no gufasha hamwe no guserukira abantu kuvy’ibibazo vyo mu kibano bagakenera abababuranira. Izo zikaba ari imanza zisanzwe hamwe n’izindi manza zidafise ivy’ihohoterwa canke ubwicanyi.

Nk’akarorero, ubwo bufasha bw’ibibazo vyo mu kibano kenshi ni nk’amatati y’uwupanze na nyene inzu, guhomba, ibibazo vy’ikarata y’ibanki, ikumira, Reach Up hamwe n’inyungu z’abakozi, hamwe n’ibindi bibazo nkivyo.

Ababuranira abanyagihugu batishoboye hamwe n’izindi shirahamwe birafasha bikanaserukira abantu bafise ikirego c’ubwicanyi, aho ni nko mu gihe Reta yagirije umuntu ihohoterwa canke ubwicanyi.

Woba warahohotewe?

Legal Help for Victims of Crime (Ubufasha bw’ivy’amategeko kubakorewe ihohoterwa) ubone ukwo twofasha.

CARES Act – Ingaruka z’ikiza ca COVID 19 k’ubutunzi / Imfashanyo Reta ishinga, iha Abanyagihugu biyungunganye ku nvo zo gusanura ubutunzi bw’igihugu

Bisubiwemwo kuwa 16 Ndamukiza, 2020 PDF (1.1 MB) Ikigo ca Reta gitanga amategeko y’urutonde rwo kwivuza ikiza ca coronavirus kizotanga uburyo kubantu bafise imyaka yisununuye muri Reta zunze Ubumwe za Amerika. Ikigo gitoza amakori (IRS) kizorungika amahera muhira iwanyu canke kuma konti yanyu mw’ibanki. Abantu bamwebamwe bataruzuza igipapuro… more

Ni Gute Twofasha

Ama seruvisi yo gufasha abantu kuvy’amategeko i Vermont (ukuyemwo amabi canke ubwicanyi) aratanga ubufasha kubafise uburyo buke basanzwe baba i Vermont. Ama seruvisi yacu ni ayagusa. Ikigo gitanga ubufasha muvy’amategeko kirasuzuma abemerewe gufashwa. Nimba dushobora gufasha ku kibazo c’amategeko, turaheza tukakurungika kubasanzwe batuburanira… more
Updated: Apr 21, 2022